#ISABU

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 21. 11. 2020
  • ISABU ni ikigo c’igihugu kijejwe ubushakashatsi ku mbuto haba ku biterwa, haba kubitungwa, ndetse no kubika imbuto kama z’ibiterwa n’ibikoko arivyo bita Conservation du germoplasme mukinyamazuru.
    Muntumbero yo kwirabira uko ibikorwa vyo mubigo bikukira isabu vyifashe na canecane imbuto ziriko ziragwirizwa mumurima y’ivyo bigo muriyi sizeni y’a 2021 A, umuyobozi mukuru w’ikigo ISABU Dr #Alfred #NIYOKWISHIMIRA yaratunganije urugendo kw’i genekerezo rya 19 na 20 Munyonyo umwaka w’i 2020 mubigo vy’ubushakashatsi vya Isabu biri muntara ya Kayanza na Cibitoke aho naho ni mukigo c’i MUNANIRA kiri muri komine Muruta intara ya kayanza :
    Aho hakorerwa ubushakashatsi bw’ imbuto z’ibanze canke twovuga zo kurugero rwa mbere arizo bita souche mukinyamazuru, aho ni kubiraya, iyo mirima rero myiza mubona iteye igomwe guryo ni iyo mukigo c’ubushakashatsi c’i MUNANIRA.
    ico kigo gifise n’inka za kijambere arizo z’izo mubona.
    Avuye i munanira yaciye aja muri komine ya Gahombo intara ya kayanza nyene aho yagendeye umurima wo kugwirizamwo imbuto z’ibiraya zo kurwego rwa gatatu arizo zitwa Base mukinyamazuru. Yasanze uwo murwizambuto nyene uwo murima yakoze ibikorwa vy’iteka bigaragara neza ko ariko arashira mungiro ihangiro rya reta nkozi, irongowe na nyen’icubahiro Gen.Maj.Evariste NDAYISHIMIYE umukuru w’igihugu c’uburundi, rivuga riti Umunwa wose uronke ico ufungura kandi n’umufuko wose uronke amafaranga.

    Abanyagahombo barashima cane ukuntu uwo mugwizambuto yabafashije mukubaronsa akazi, kandi ko biteze yuko niyo izo mbuto zera nabo bazozironka hafi bakaja kuzirima mumirima yabo.
    Intumbero rero nyamukuru y’urwo rugendo mumirima y’abagwizambuto, umuyobozi mukuru wa ISABU Alfred NIYOKWISHIMIRA ashaka kwirabira ko imbuto zavuye muri ISABU zigahabwa abagwizambuto ko bariko barazigwiza bakurikije amategeko vy’ukuri kugira zize zishikire abarimyi kubwinshi kandi ari nziza nk’uko ISABU yabitegekanije.
    Akaba rero yaranezerejwe n’uko yasanze uwo murima mubona w’uwo mugwizambuto ariko arazigwiriza muri komine ya GAHOMBO, agahamagarira abandi bagwizambuto ko bomurabirako ako karorero keza. Kandi ko kugira baronke imbuto muri ISABU ko bakwiye kwiyandikisha kurutonde rw'abakwije ibisabwa n'Umugwi w'igihugu ujejwe igisata c'imbuto kadi hakisungwa itegeko rigenga imbuto mu Burundi.
    Umuyobozi mukuru avuye aho i gahombo yaciye aja mukigo c’ubushakashatsi c’i mwokora aho ni muri komine Bukinanyana iri muntara ya Cibitoke,
    Ako ka bassin mubona karimwo imiti yica imigera kirazira rero kwinjira mumurima utabanje gucisha ibirenge mumuti uri mukabassin uzohasanga niwaja mu mirima ya ISABU
    Imwokora naho baharwiriza imbuto zo kurugero rwa kabiri arizo bita pré-base mukinyamazuru. Iyo mirima mubona iteye i gomwe guryo niyo mukigo c’ubushakashatsi c’IMWOKORA, twobamenyeshako ico kigo kiriko gikorera ubushakashatsi kubwoko ndwi bw’ibiraya.
    Imwokora naho baharwiriza imbuto zo kurugero rwa kabiri arizo bita pré-base mukinyamazuru. Iyo mirima mubona iteye i gomwe guryo niyo mukigo c’ubushakashatsi c’IMWOKORA, twobamenyeshako ico kigo kiriko gikorera ubushakashatsi kubwoko ndwi bw’ibiraya.
    Ihangiro ry’urwo rugendo rero n’uko umuyobozi mukuru wa ISABU yoshitsa ico kigo gikuru isabu kuntumbero ya Leta y’Uburundi yuko ISABU yoba Ihinguriro ry’imbuto zirobanuye haba ku biterwa haba no mubitungwa.

Komentáře • 1

  • @KitostaSeverin-iv9dv
    @KitostaSeverin-iv9dv Před 9 měsíci

    Bazogir'ubushakashatsi bw'ibigori vyimbuka cane nay'ahandi baraduhenda usang'imbuto batanze zitama neza.