Ubuzima bwa Emmanuel SINZOHAGERA arongoye Inama Nkenguzamateka y’Uburundi ngo ntibwari bworoshe.

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 8. 09. 2024
  • Mw’ihuriro rigira kane ry’amasengesho y’urwaruka « Junior Prayer Breakfast » yaraye abereye kuri ount Zion Hotel, Emmanuel SINZOHAGERA arongoye Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yamenyesheje ko ubuzima bwiwe akiri muto butari bworoshe , ku rugero rw’uko ata birato yambara. N’aho biruko ngo arashimira Imana aho ageze unomunsi kuko ari nk’ibitangaza yamukoreye. Agira ati : « Muvyo nirata, ivyo ntibirimwo. Ariko ndirata ko Imana inkunda. Abantu benshi dufise ikibazo co kwibagira aho Imana yadukuye. »
    Uwo mwubahwa yaciye asaba urwaruka rwitabiriye iryo huriro kuja hamwe mu butandukane bwabo, ku nyungu z’iterambere ry’igihugu.

Komentáře •