Biratangaje kwizera ko urukiza mu butunzi ari ubworozi bw’inkwavu (Ntibashirakandi)

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 19. 10. 2023
  • Leta y’Uburundi ni yaba yizera gushika ku gihugu kiri mu nzira y’amajambere mu 2040, hamwe n’igihugu giteye imbere mu 2060 kubera ubworozi bw’inkwavu, Uburundi ntibuzokwigera butera imbere. Bivugwa na Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP-Burundi Buhire. Akaba abinegura mu gihe abategetsi b’Uburundi bariko barahimiriza Abarundi bose kworora inkwavu, nk’umugambi w’umukuru w’Igihugu uzoshikana igihugu kw’iterambere rirama. Ntibashirakandi ababazwa n’ukubona ko uwo mugambi ata ho uzoshika nk’umwe wo gutera amavoka w’umuhisi Nkurunziza. Abona ko vyokwumvikana mu gihe hoba umugambi w’uburimyi ha guhenda abanyagihugu babaha imigambi ifatiye ku kwiyamamariza amatora yimirije y’2025 n’2027.

Komentáře • 1

  • @Korandebe
    @Korandebe Před 6 měsíci

    Kandi ubu wasanga utari mujyihugu