🚨KU MYAKA 26 NEVA AMURONKEJE AMABANGA ADASANZWE MU GIHUGU/ITEGEKO RISHASHA MU GISAGARA CA BUJUMBURA

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 9. 09. 2024
  • #amakuru #umuhuzatv #burundi #neva #bujumbura #ubutare #amabanga
    Ku myaka 26 y'amavuko, Quesnay de Jésus Akabahinga niwe #Uburundi buhanze amaso mu vy'ubutare ⛏️
    ----------------------------------------------
    🟧 Aba "Gen Z" (bavutse hagati ya 1997 na 2012) bashikiriwe mu mabanga akomeye mu #Burundi: ku myaka 26 ans, Quesnay de Jésus Akabahinga yaraye agenwe na Prezida Evariste Ndayishimiye kurongora Ikigo kigenzura ivyo gucukura ubutare mu Burundi (▶️ www.obm.bi/), gihanzwe amaso n'igihugu cose kugira gifashe mu kuzana amahera mvamahanga mu kigega ca Reta
    📌 Quesnay ni nde none? Uyo muhinga mu vy'ubutare afise impamyabushobozi ya master yaronkeye muri University of Ibadan (#Nigeria), akaba azi ivyo kugenzura ko isi irimwo ubutare, gukora amakarata yerekana ubwoko bw'ivu nk'ayo yakoze mu buraruko bw'#Uburundi. Ni umwigisha kuri Kaminuza y'Uburundi kuva Rusama 2023, akaba avuga indimi zine (Ikirundi, Icongereza, Igifaransa n'Ikidagi). Yaragenzuye ibikorwa vy'abikorera utwabo bacukura ubutare i #Kabarore mu ntara ya #Kayanza bwa "colombo-tantalite" na "cassitérite"
    👀 Ku myaka yiwe 26, uyo niwe yitezwe guherekeza ibikorwa vyo kuvyaza umusaruro ibirombwe vy'i #Murehe mu ntara ya #Kirundo, aho batwijeje ko hari "amatoni arenga miriyoni 15 za coltan na cassiterite.

Komentáře • 8

  • @KennoKanse
    @KennoKanse Před měsícem +1

    ARAKAZA ,Dr mu busuma.

  • @AlexisUwizeyimana-l6o
    @AlexisUwizeyimana-l6o Před měsícem

    Mbega ababutwaye bakuze batumariye iki,ukurikuvuga uwukuzintikuvuga uwukuze,rero Neva wacu bamuveko,Kandi abagwanya mutama wabajeune azobi azwa

  • @hopemassa-jw3zw
    @hopemassa-jw3zw Před měsícem

    Ba Dawidi bariho kandi bazotwara komera mutama wacu .Nakare abo batama baragutse

  • @mathieuniyongabo9751
    @mathieuniyongabo9751 Před měsícem +1

    A 26 ans akaba afise niyo experience Masters degree yayiciye ryari ? Nimba atize Masters online akora (?)

  • @HabyarimanaJacquis-ej3xz
    @HabyarimanaJacquis-ej3xz Před měsícem

    26 ans ari umwana yize muri système anglophone birashoboka ko aba afite Masters. Ariko niba ari système francophones ntibikunda niyo yaba atarigeze asibira narimwe. Kireka niba hari levels zamashuri yagiye asimbuka.

  • @jeanclaudenzeyimana3152
    @jeanclaudenzeyimana3152 Před měsícem

    Aba jeunes bataragira umutima wo kurya ibiturire barashobora gukora neza.

  • @yvetteAbayo
    @yvetteAbayo Před měsícem

    Kura uburofa wa kibwawe! Wewe umukuru w'Igihugu murangana wa ntozowe