Umunyororo w’ubuzima bwiwe kuri Bunyoni n’ugupfungwa imyaka 15 ku bo bapfunganywe ni vyo vyasabwe

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 28. 05. 2024
  • Mu minsi 30 uhereye ku munsi w’ejo haheze ni ho général Alain Guillaume Bunyoni n’abo basangiye urubanza bazomenya ibihano bazofatirwa. Ivyo vyatangajwe n’uwurongoye Sentare ntahinyuzwa ku munsi wa kabiri, aho yariko asozera urubanza rw’abo bantu bane rwari rumaze iminsi ibiri. Ariko rero ibihano basabiwe bikaba bitahindutse ku vyari vyafashwe mu rubanza rwa mbere, kuko uwo yahoze ari umushikiranganji wa Mbere yasabiwe umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose, abandi na bo imyaka 15. Ariko bose bakaba basavye kurekurwa kubera kuri bo ibirego babashirako ari irementanya gusa.

Komentáře • 1