Ishirahamwe KAZE GREEN ECONOMY rihingura amakara ritononye ibidukikije rishitse ku ntambwe iyihe?

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 9. 05. 2021
  • Urwaruka rufise impano zo kwiteza imbere ni urwo gushigikira n'ukurutera intege kugira rushike kw'ihangiro rwihaye. Bivugwa n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angékine NDAYISHIMIYE mu gihe yagendera ahakorera ishirahamwe KAZE GREEN ECONOMY rihingura amakara atonona ibidukikije. Umuyobozi mukuru w'iryo shirahamwe KAZE Delphin akavuga ko naho bashima intambwe bagezeko, ubukene bw'umuyagankuba, ikibanza kidakwiye bakoreramwo n'ibindi ari zimwe mu ntambamyi iryo shirahamwe rigifise. Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu akaba avuga ko abantu basabwa gushira inguvu hamwe mu gushigikira urwo rwaruka kugira rwiteze imbere runateze imbere igihugu.

Komentáře • 10

  • @burundishallsmile1day109

    Bravo Kaze 💞👏🏾👏🏾👏🏾
    L'enfant Burundais

  • @josehenry7333
    @josehenry7333 Před 3 lety

    Mbega vyiza weee 💪💪

  • @pierregahitira2217
    @pierregahitira2217 Před 3 lety

    👍👍👍Naterimbere nk'umuzinga

  • @Jddnit
    @Jddnit Před 2 lety

    Imana imuhezagire.akorerahe?duhe adresse yiwe

  • @bonvoyagetaxi7730
    @bonvoyagetaxi7730 Před 3 lety

    Nivyiza cane... Reta nishire inguvu mu mutagankuba kuko ntama usines azoza gutangura aho ata muyagankuba mufise....

  • @andrehakizimana7616
    @andrehakizimana7616 Před 3 lety

    Turagukeje twese abarundi twipfuza iterambere rirama.

  • @mariebayizere1152
    @mariebayizere1152 Před 3 lety

    KOMERA KOMERA !!!
    Ni umugambi mwiza cane!
    Ter'imbere nk'umuzinga !

  • @zasaw6053
    @zasaw6053 Před 3 lety

    Vyiza ino mumahanga naho ndayabon sinarinzi ivyo bivamwo

    • @antoinettempaimana2724
      @antoinettempaimana2724 Před 3 lety +1

      Nanje kweri nayabona nkiba za ingene babigenza ahubwo nibabure ubuhinga bwumuya ga nkuba tweruri mumahanga ntabwo twicaye twaje kurahura ubwenge nanje ninza nzozana lmashini zikora inyama zinko ko

    • @jeannettehabonimana2825
      @jeannettehabonimana2825 Před 3 lety

      Muruziba hariho ahantu hari ikibanza kinini leta nihabahe aho bise kuri kurya se batutsi