BURUNDI-FONDS MONDIAL: Imfashanyo ingana n’amadolari y’Amanyamerika imiriyoni 118 ni yo Ikigega...

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 19. 03. 2020
  • Imfashanyo ingana n’amadolari y’Amanyamerika imiriyoni 118 ni yo Ikigega Mpuzamakungu Fonds Mondial caronkeje Ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA mu ntumbero yo kurangura imigambi ibiri mu Burundi :
    1. Umugambi wo kurwanya indwara z’igituntu n’umugera wa SIDA ;
    2. Umugambi wo kurwanya indwara ya marariya no gushigikira amavuriro.
    Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Reta y’Uburundi, Muganga Thaddée NDIKUMANA mu gihe hari hatunganijwe uruganda rwo kwemeza iyo migambi ibiri, kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 20 Ntwarante 2020.

Komentáře •