NTAHO IMANA ITOKURA UMUNTU, UWARI IMBORERWA YABAYE MAMA PASTEUR

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 6. 09. 2024
  • Haruwo afise iciyumviro ashaka guterera canke iciyumviro ku bijanye n'ikiganiro ca WARUBIZI? Yoduhamagara canke akatwandikira kuri izi numero : 1(602)525-4010
    Muri kino kiganiro ,twaganiriye n'umukozi w’Imana Mme Jocelyne Ninahazwe asengera mw’Ishengero rya Christ Life Center.
    Akaba yataratubwiye urugendo rwiwe atarakizwa, ko avuka mumuryango wabana icenda, akaba umwana w’ umunani . Yabayeho ubuzima bwiza cane ntaco yarabuze mumuryango wiwe, yari umuryango wifashe , urimwo abavukanyi bakundana , abavyeyi bitwararika abana babo .
    Jocelyne akiri muto yaratandukanye cane gose nabavukanyi biwe. Joce yakunda gusohoka agakunda kuja mububare butandukanye agira ingeso ataho azi nawe aho yavuye . Yaje gushakana n'umugabo ariko ico gihe Jocelyne yari akiri muto. Yakomeje kuja mu bubari, biza gutuma atandukana n'umugabo wiwe.
    Amaze gutandukana n'umugabo we, Jocelyne yakomeje ingeso mbi, zo kunywa inzoga nyinshi no kurara muri boite. Igihe kimwe yaje kugwa muri coma bitewe no kunywa inzoga nyinshi, yisanga ari mu bitaro.
    Inzoga zagiye zimukoresha vyinshi kandi bibi, aho umunsi umwe yagize impanuka yashoboraga no kumuviramo urupfu ariko kuko Imana yari umufiteho umugambi yakomeje kumurinda.
    Kuba wenyine ntivyamworoheye, atangira gushaka uko yabona umugabo. Yaje gutangira kujya ajya gusenga, ndetse aranabatizwa ariko adakijijwe kuko yakomeje ya ngeso ye y'ubusinzi.
    Igihe kimwe umuntu bari basangiye inzoga yamuhaye lift, yibagirwa telephone mu modoka ya Jocelyne. Bwarakeye iyo nshuti ihamagara Jocelyne imubaza niba yaba yabonye iyo telephone. Gusa Jocelyne ntiyibukaga uwo muntu yahaye lift mu modoka ye. Ico catumye yiyemeza kureka inzoga kuko yabonaga zizamugeza kure.
    Yaje guhura n'umupasiteur maze Jocelyne amusaba ko yamusengera ngo abone umugabo. Pasteur we yaramubwiye ngo arabona atari umugabo akeneye. Bituma Jocelyne amwanga. Pasteur yakomeje kumuba hafi nyuma aza no kumubera umugabo.
    Ubu Jocelyne yitwa Mama Pasteur, ni umudamu udatinya guhamya aho Imana yamukuye.
    Twaganiriye vyinshi cane murikino kiganiro ingene Imana yagiye Iramurinda Insanganya, Imana Imukura murupfu vyinshi cane .
    Ndabatumiye mukirikirane kino kiganiro murabe ingene Imana Itanga amahirwe yakabiri.
    Muhezagirwe

Komentáře • 105