Umve ingene Kinyange yivuga amazina mu kirundi kiryoheye amatwi kikanyura ubwenge

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 7. 12. 2021
  • Ukwivuga amazina ni ubwoko bw’amayagwa y’ikirundi. Ahanini amazina ashimikiye ku guhayagiza ikintu canke umuntu.
    Abivuga amazina akenshi barihaya, bahagiza uwo bamukako, uwabahaye canke bagahaya ivyo bakunze bikabakundira.
    Aho hambere ubutwari bwagaragarira mu bwira bw’ugutabara hamwe n’ubushobozi bw’ukwirinda, ni naco gituma ivy’urugamba bikunda kwumvikana. Kera kandi intwari zaragabana i bwami, i buganwa..ibi vyatuma zigira iteka, ubona ko nyene ridaterwa uwutekeye mu vyatsi , bene iteka bari bene inka n’imirima. Bica vyumvikana igituma mu mazina inka ivugwa kenshi.
    Amazina kandi aravugwa n’abanyamyuga. Aba na bo bahaya ishimikiro ry’umwuga wabo wababereye intumgamagara.
    Muri rusangi akari ku mutima w’umurundi gasesekara ku munwa . Umurundi atavuga yitiranwa na mubi, ariko n’aho biri uko umurundi w’indanga ntapfa iryo avuze, ntapfa uko avuze.
    #inka #burundi #akaranga #amazina

Komentáře • 19