Sebarundi asaba abarundi kudahemukira igihugu. Ati ntamuntu yahemukiye igihugu yigeze aronka amahoro

Sdílet
Vložit
  • čas přidán 19. 05. 2019
  • Ku magenekerezo ya 3 na 14 Rusama, umwaka w’2019, imvukira n’indongozi zirangurira imirimo itandukanye mu ntara za Bubanza na Cibitoke, bararonkejwe inyigisho zo kuzirikana igihugu, inyigisho nkuko musanzwe mubizi zitangwa na Sebarundi, Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA.
    Murizo nyigisho rero, Sebarundi akaba yabasavye kujana n’ibihe, no kudahemukira igihugu cabibarutse, na canecaneko atamuntu numwe yahemukiye igihugu yigeze aronka amahoro. Kuzirikana igihugu rero ngo birarengeye kure cane kugikunda, bigatuma rero umuntu anyana naco, akuzuza naco, muvyo avuga n’ivyo akora vyose.
    Muri kino kiganiro, turabayagira no kuri bimwe mubindi bikorwa bitandukanye Sebarundi yaranguye muriyo misi iheze, nko mu ntara ya Ngozi no mu ntara ya Gitega.

Komentáře • 17